Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

‘Nimureke igikorwa kibandanye’

‘Nimureke igikorwa kibandanye’

Umuherezi mukuru Yeshuwa na Buramatari Zerubabeli baragiye imbere mu gusubira kwubaka urusengero naho ico gikorwa cari kibujijwe (Ezr 5:1, 2; w22.03 18 rup. 13)

Igihe ababarwanya bababaza uwabahaye uburenganzira bwo gukora ico gikorwa, Abayuda baberekeje kw’itegeko Kuro yatanze (Ezr 5:3, 17; w86 1/2 29, uruzitiro ing. 2-3)

Umwami yaremeje iryo tegeko ryo mu ntango maze ategeka ababarwanya kureka igikorwa kikabandanya (Ezr 6:7, 8; w22.03 15 ing. 7)

IVYO KUZIRIKANAKO: Iyi nkuru yo muri Bibiliya idufasha gute gukurikiza ubuyobozi dushobora kuba tudatahura neza buva ku bo Yehova yagenye kugira batuje imbere?​—w22.03 19 ing. 16.