Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

19-25 Myandagaro

ZABURI 75-77

19-25 Myandagaro

Ururirimbo rwa 120 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Kubera iki tudakwiye kwirata?

(Imin. 10)

Abirata ntibahimbara Imana (Zb 75:4; 1Tm 3:6; w18.01 28 ing. 4-5)

Ibanga canke agateka ako ari ko kose dufise ni ingabire iva kuri Yehova, ntivana n’ububangukirwe dufise (Zb 75:​5-7; w06 15/7 11 ing. 3)

Abishima, nk’akarorero abatware bishira hejuru, Yehova azobacisha bugufi (Zb 76:12)

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 76:10—«Iyo abantu bashavuye» bishemeza gute Yehova? (w06 15/7 11 ing. 3)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. Numwereke ividewo kuri jw.org mu rurimi yipfuza. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 4)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) INZU KU NZU. Igihe umuntu akubwiye ko atemera Imana, nuhuze n’uko ibintu vyifashe maze uhindure ivyo wari wateguye kuvuga. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 5)

6. Guhindura abantu abigishwa

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 127

7. Nube intahemuka igihe ushemagijwe

(Imin. 7) Guhana ijambo.

Nimurabe IVIDEWO Nube intahemuka nka Yezu—Igihe ushemagijwe. Nuce ubaza uti:

  • Ni ivyigwa ibihe wakuye mu kuntu Sergei yavyifashemwo igihe abandi bariko baramushemagiza?

8. Isekeza ridasanzwe ryo gutanguza inyigisho za Bibiliya muri Nyakanga dukoresheje Kwiberaho ibihe bidahera

(Imin. 8) Insiguro ishikirizwa n’umuhagarikizi w’umurimo. Nutume bitegana igishika iryo sekeza wongere uvuge intunganyo zagizwe aho iwanyu.

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 95 n’isengesho