Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

22-28 Mukakaro

ZABURI 66-68

22-28 Mukakaro

Ururirimbo rwa 7 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Yehova aratwikorerera umutwaro buri musi

(Imin. 10)

Yehova arumviriza amasengesho yacu kandi akayishura (Zb 66:19; w23.05 12 ing. 15)

Yehova arazi ivyo abigorewe bakeneye (Zb 68:5; w10 1/12 23 ing. 6; w09 1/4 31 ing. 1)

Yehova aradufasha buri musi (Zb 68:19; w23.01 19 ing. 17)

IVYO KUZIRIKANAKO: Ni gute tureka ngo Yehova atwikorerere umutwaro?

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 68:18—Mu gihe ca Isirayeli, ni bande bari «ingabire zigizwe n’abagabo»? (w06 1/6 10 ing. 5)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Umunyamuhana ava mu kindi gihugu. (lmd icigwa ca 5 iciyumviro ca 3)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) INZU KU NZU. Nubandanye ikiyago ku gapapuro k’inkuru nziza wamusigiye igihe muherukana. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 3)

6. Guhindura abantu abigishwa

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 102

7. Hoba hari uwo wofasha kugira umuzigo wiwe uremuruke?

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Nta n’umwe mu basavyi b’Imana akwiye kunyinyana n’ingorane ziwe ari wenyene. (2Ng 20:15; Zb 127:1) Yehova aradufasha. (Yes 41:10) Bumwebumwe mu buryo Yehova akoresha mu kudufasha ni ubuhe? Araduha ubuyobozi biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe. (Yes 48:17) Aradufashisha impwemu yiwe nyeranda. (Lk 11:13) Kandi aravyurira abavukanyi bacu umutima wo kuturemesha no kudufasha. (2Kr 7:6) Ivyo bisigura ko Yehova ashobora gukoresha umwe wese muri twebwe mu gutuma umuzigo w’umukirisu mugenzi wacu uremuruka.

Nimurabe IVIDEWO Mw’ishengero, nugaragarize urukundo . . . Abitereye mu myaka. Nuce ubaza uti:

  • Wokora iki kugira utume umuzigo w’umukirisu yitereye mu myaka uremuruka?

Nimurabe IVIDEWO Mw’ishengero, nugaragarize urukundo . . . Abari mu murimo w’igihe cose. Nuce ubaza uti:

  • Wokora iki kugira utume umuzigo w’uwuri mu murimo w’igihe cose uremuruka?

Nimurabe IVIDEWO Mw’ishengero, nugaragarize urukundo . . . Ba kavamahanga. Nuce ubaza uti:

  • Wokora iki kugira utume umuzigo w’abari mu bihe bigoye uremuruka?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 88 n’isengesho