Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

26 Myandagaro–1 Nyakanga

ZABURI 78

26 Myandagaro–1 Nyakanga

Ururirimbo rwa 97 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Ubuhemu bw’Abisirayeli ni akarorero katuburira

(Imin. 10)

Abisirayeli baribagiye ibikorwa bitangaje Yehova yabakoreye (Zb 78:​11, 42; w96 1/12 29-30)

Abisirayeli ntibakengurutse ibintu vyiza vyose Yehova yari yarabahaye (Zb 78:19; w06 15/7 17 ing. 16)

Abisirayeli ntibigiye ku makosa yabo, ahubwo bagumye bahemukira Imana (Zb 78:​40, 41, 56, 57; w11 1/7 10 ing. 3-4)


IVYO KUZIRIKANAKO: Ni ibiki vyodufasha kwirinda guhemukira Yehova?

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 78:​24, 25 —Kubera iki manu yitwa «intete zivuye mw’ijuru» be n’«umukate w’abamarayika»? (w06 15/7 11 ing. 4)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 5 iciyumviro ca 5)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Koresha agapapuro k’inkuru nziza mu gutanguza ikiyago. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 5 iciyumviro ca 4)

6. Gutanguza ikiyago

(Umun. 1) INZU KU NZU. Umunyamuhana agusavye guca make. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 5)

7. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Utiriwe urabwira uwo muntu ivyo Bibiliya ivuga, nurondere uburyo busanzwe bwo kumumenyesha ko uri Icabona ca Yehova maze umusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 4)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 96

8. Niwigire kuri Filipo umwigisha w’inkuru nziza

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Bibiliya irimwo uburorero bw’abantu babaye beza n’ababaye babi. Bisaba umwanya n’akigoro kugira tugire ico twigiye kuri ubwo burorero. Uretse gusoma izo nkuru zo muri Bibiliya, tubwirizwa kandi kuzirikana ku vyo zitwigisha hanyuma tugahindura inyifato yacu.

Filipo wa mwigisha w’inkuru nziza yari umukirisu azwi ko «[y]uzuye impwemu n’ubukerebutsi.» (Ivk 6:​3, 5) Ni ivyigwa ibihe tumwigirako?

Nimurabe IVIDEWO Ivyo twigira kuri Filipo umwamamaji w’injili. Nuce ubaza abumviriza ivyigwa bakuye muri iyi mice ikurikira:

  • Ukuntu Filipo yavyifashemwo igihe ivyiwe vyahinduka bukwi na bukwi.—Ivk 8:​1, 4, 5

  • Imihezagiro Filipo yironkeye kubera yemeye kuja gukorera ahantu hari inkenero.—Ivk 8:​6-8, 26-31, 34-40

  • Ivyiza Filipo n’umuryango wiwe bironkeye kubera bagaragaje ubwakiranyi.—Ivk 21:​8-10

  • Umunezero abagize urya muryango werekanywe muri videwo bironkeye kubera biganye akarorero ka Filipo

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 101 n’isengesho