Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

29 Mukakaro–4 Myandagaro

ZABURI 69

29 Mukakaro–4 Myandagaro

Ururirimbo rwa 13 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Ingene ivyashikiye Yezu vyari vyaravuzwe muri Zaburi 69

(Imin. 10)

Yezu baramwankiye ubusa (Zb 69:4; Yoh 15:​24, 25; w11 15/8 11 ing. 17)

Yezu yari afitiye umwete inzu ya Yehova (Zb 69:9; Yoh 2:​13-17; w10 15/12 8 ing. 7-8)

Yezu yaragize amaganya menshi kandi baramuhaye umuvinyu uvanze n’ibintu birura (Zb 69:​20, 21; Mt 27:34; Lk 22:44; Yoh 19:34; g95 22/10 31 ing. 4; it-2 600)


IVYO KUZIRIKANAKO: Kubera iki Yehova yandikishije ubuhanuzi bwerekeye Mesiya mu Vyanditswe vy’igiheburayo?

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 69:​30, 31—Iyo mirongo yodufasha gute kuryohora amasengesho dutura? (w99 1/2 16 ing. 11)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Kwihangana—Ivyo Yezu yakoze

(Imin. 7) Guhana ijambo. Nimurabe IVIDEWO, muce muganira kuri lmd icigwa ca 8 iciyumviro ca 1-2.

5. Kwihangana—Niwigane Yezu

(Imin. 8) Ikiganiro c’uguhana ijambo gishingiye kuri lmd icigwa ca 8 iciyumviro ca 3-5 na «Nurabe kandi.»

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 134

6. Ibikenewe iwanyu

(Imin. 5)

7. Ivyiyumviro vyofasha mu gusenga kwo mu muryango

(Imin. 10) Guhana ijambo.

Muri Nzero 2009, Inyigisho y’igitabu y’ishengero yarashizwe hamwe n’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’Ikoraniro ry’umurimo, biba ikoraniro rimwe. Ivyo vyatumye imiryango ironka umugoroba buri ndwi wo kugira ugusenga kwo mu muryango. Abenshi barakengurutse iyo ntunganyo yagizwe kugira barushirize kwiyegereza Yehova no kwiyegerezanya.—Gus 6:​6, 7.

Ni ivyiyumviro bimwebimwe ibihe vyofasha ba serugo kugira batume umugoroba uhariwe ugusenga kwo mu muryango ugenda neza?

  • Ntimusibirize. Nimba bishoboka, nimushinge umwanya udahinduka buri ndwi. Nimushinge uwundi musi mwokwimurirako bishitse hakagira ikibaciramwo

  • Nimwitegure. Nusabe umukenyezi wawe aguterere iciyumviro kandi uze uracishamwo ubaza n’abana bawe. Si ngombwa ngo kwitegura gutware umwanya muremure, canecane nimba mu vyo mukora mu gusenga kwo mu muryango hari ivyama bigaruka buri ndwi

  • Nuhuze programa n’uko ivy’umuryango wawe vyifashe. Uko abana bakura ni ko ivyo bakenera canke ivyo bashoboye bihinduka. Iyo programa ikwiye gufasha umwe wese mu bagize umuryango gukomeza ukwizera kwiwe

  • Nutume harangwa akayaga keza. Nimuze muracishamwo mugirira ugusenga kwo mu muryango hanze igihe ikirere kimeze neza. Ntimwitinye kuza muraruhuka igihe bikenewe. Naho ari vyiza kuyaga ku ngorane mufise mu muryango, ntimukoreshe ugusenga kwo mu muryango nk’akaryo ko gukosora canke gutoza indero

  • Nimuze murahindagura. Nk’akarorero, mwoshobora gutegurira hamwe igice kanaka c’ikoraniro ryimirije, kuraba ividewo yo kuri jw.org no kuyiganirako, canke mukimenyereza kwamamaza. Naho ugusenga kwo mu muryango gukwiye kuba ahanini kugizwe n’ikiyago, murashobora guha abagize umuryango umwanya wo kwiyigisha umwe wese ku giti

Nimuganire kuri iki kibazo:

  • Mwagerageje gute kwisunga ivyo vyiyumviro mu gusenga kwanyu kwo mu muryango?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 114 n’isengesho