Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

5-11 Myandagaro

ZABURI 70-72

5-11 Myandagaro

Ururirimbo rwa 59 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. ‘Nubwire urunganwe ruzokurikira’ ubushobozi bw’Imana

(Imin. 10)

Dawidi akiri muto yarakingiwe na Yehova (Zb 71:5; w99 1/9 25 ing. 17)

Dawidi yagumye ashigikirwa na Yehova no mu busaza (Zb 71:9; g04 8/10 23 ing. 3)

Dawidi yararemesheje abakiri bato mu kubabwira ivyo Yehova yamukoreye (Zb 71:​17, 18; w14 15/1 23 ing. 4-5)

NIWIBAZE UTI: «Mw’ishengero ni nde amaze igihe kirekire akorera Yehova nobaza ibibazo mu mugoroba wacu uhariwe ugusenga kwo mu muryango?»

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 72:8—Ivyo Yehova yasezeraniye Aburahamu mw’Itanguriro 15:18 vyarangutse gute mu gihe c’ingoma y’umwami Salomo? (it-1 825)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Igihe uwo muntu atanguye guharira, nusozere ikiyago mu buryo bwiza. (lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 5)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Nusubire kuyaga n’incuti mwaheruka kuganira ariko ubu akaba ariko aragonanwa kwiga Bibiliya. (lmd icigwa ca 8 iciyumviro ca 4)

6. Gusigura ivyo wemera

(Imin. 5) Insiguro. ijwfq 49—Umutwe: Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bahinduye bimwebimwe mu vyo bemera? (th icigwa ca 17)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 76

7. Ivyiyumviro vyofasha mu gusenga kwo mu muryango

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Umugoroba uhariwe ugusenga kwo mu muryango ni umwanya uhambaye kugira abana ‘batozwe indero bongere bakeburwe nk’uko Yehova yashinze.’ (Ef 6:4) Kwiga ntivyoroshe, ariko birashobora kuba ibiringo biryoshe, canecane igihe abana bipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye ukuri kwo muri Bibiliya. (Yoh 6:27; 1Pt 2:2) Nimurabe uruzitiro ruvuga ngo « Ivyo mwokora mu gusenga kwo mu muryango.» Rurashobora gufasha abavyeyi kubona ingene bogira ugusenga kwo mu muryango kuryoshe kandi kwigisha. Nimuce mwishura ibi bibazo:

  • Muri ibi vyiyumviro ni ibihe mwabonye mwoshima gukoresha?

  • Hoba hari ikindi kintu ngirakamaro mwoba mumaze kubona?

Nimurabe IVIDEWO Nimugume muryohora Ugusenga kwo mu muryango. Nuce ubaza uti:

  • Ni gute umugabo yotuma umugore wiwe aryoherwa n’ugusenga kwo mu muryango igihe ata bana babana?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 123 n’isengesho