Ingene twotanguza ibiyago
UMUNARA W’INDERETSI
Ikibazo: Nka hamwe umuntu yokubaza ingene mw’ijuru hameze, wokwishura gute?
Icanditswe: Yoh 8:23
Ivyo wovuga: Uyu Munara w’Inderetsi urasigura ivyo Yezu na Se wiwe bahishuye ku vyerekeye ijuru.
NIWIGISHE UKURI
Ikibazo: Ibi bintu Bibiliya yari yaravuze, vyoba ari vyo nawe ubona muri iki gihe?
Icanditswe: 2Tm 3:1-5
Iciyumviro: Ko ivyo Bibiliya yari yaravuze ku bijanye n’imisi ya nyuma biriko biraranguka, turashobora kwizigira ko n’ivyo yavuze ku bijanye na kazoza bizoranguka.
NI KUBERA IKI UKWIYE KWIGA BIBILIYA? (Akavidewo)
Intangamarara: Twariko turereka abantu akavidewo kagufi gasigura aho umuntu yokura inyishu nyazo ku bibazo bihambaye mu buzima. [Erekana ako kavidewo.]
Ivyo woca uvuga: Iki gitabu kirerekana ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ingene Imana izokuraho ingorane ziri mw’isi. [Muhe igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke igitabu Bibiliya itwigisha iki?]
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.