Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago

UMUNARA W’INDERETSI

Ikibazo: Nka hamwe umuntu yokubaza ingene mw’ijuru hameze, wokwishura gute?

Icanditswe: Yoh 8:23

Ivyo wovuga: Uyu Munara w’Inderetsi urasigura ivyo Yezu na Se wiwe bahishuye ku vyerekeye ijuru.

NIWIGISHE UKURI

Ikibazo: Ibi bintu Bibiliya yari yaravuze, vyoba ari vyo nawe ubona muri iki gihe?

Icanditswe: 2Tm 3:1-5

Iciyumviro: Ko ivyo Bibiliya yari yaravuze ku bijanye n’imisi ya nyuma biriko biraranguka, turashobora kwizigira ko n’ivyo yavuze ku bijanye na kazoza bizoranguka.

NI KUBERA IKI UKWIYE KWIGA BIBILIYA? (Akavidewo)

Intangamarara: Twariko turereka abantu akavidewo kagufi gasigura aho umuntu yokura inyishu nyazo ku bibazo bihambaye mu buzima. [Erekana ako kavidewo.]

Ivyo woca uvuga: Iki gitabu kirerekana ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ingene Imana izokuraho ingorane ziri mw’isi. [Muhe igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke igitabu Bibiliya itwigisha iki?]

ANDIKA HANO UBURYO BWAWE

Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.