Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Rwaruka, ntimutebagane guca mu “muryango munini”

Rwaruka, ntimutebagane guca mu “muryango munini”

Biroroshe kwiyumvira yuko tutazokwigera dusaza ngo tubone “imisi y’ivyago” ijana n’ubusaza muri iyi si ya Shetani. (Ums 12:1) Nimba ukiri muto, woba wibwira ko ugifise umwanya ukwiye wo kuzokwitwararika imigambi yo mu vy’impwemu, nko gukora umurimo w’igihe cose?

“Ibishika giturumbuka bi[du]shikako” twese, n’abakiri bato barimwo. (Ums 9:11) Mwibuke ko “mutazi uko ubuzima bwanyu buzomera ejo.” (Yak 4:14) Rero ntimube ba nzobandabikora ku bijanye n’imigambi yo mu vy’impwemu. Nimuce mu “muryango munini uja ku gikorwa” mu gihe ucuguruye. (1Kr 16:9) Ntimuzokwicuza.

Imigambi imwimwe yo mu vy’impwemu wokwishingira:

  • Kuvuga inkuru nziza mu rundi rurimi

  • Gukora ubutsimvyi

  • Kwitaba amashure y’ivy’Ubwami

  • Kuja mu bwubatsi

  • Gukorera kuri Beteli

  • Kugendera amashengero

Andika imigambi yo mu vy’impwemu ufise.