Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | INDIRIMBO YA SALOMO 1-8

Wa Mushulamukazi ni akarorero dukwiye kwigana

Wa Mushulamukazi ni akarorero dukwiye kwigana

Ni ibiki vyatumye uwo mwigeme abera akarorero kadasanzwe abasavyi ba Yehova?

2:7; 4:12

  • Yafashe ingingo nziza yo kurindira uwo akunda vy’ukuri

  • Yaranse kuja ku mohe y’abandi ngo akundane n’uwuhita wese

  • Yaricisha bugufi, akifata ruto kandi ntiyaja mu vy’ubuhumbu

  • Urukundo rwiwe ntirwagurwa inzahabu canke amajambo asosa

Niwibaze uti:

‘Norushiriza gute kwigana wa Mushulamukazi?’