Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 27-31

Ingene Bibiliya idondora umugore abishoboye

Ingene Bibiliya idondora umugore abishoboye

Mu Migani 31 turahasanga ubutumwa buhambaye Umwami Lemuweli yabwiwe na nyina. Impanuro nziza yamuhaye zaramufashije kumenya ibiranga umugore abishoboye.

Umugore abishoboye ni umwizigirwa

31:10-12

  • Aratanga ivyiyumviro ngirakamaro ku bijanye n’ingingo zerekeye umuryango mugabo akaguma ayoboka

  • Umugabo wiwe arizigira ko ashoboye gufata ingingo nziza. Ntasaba yuko umugore wiwe abanza kuronka uruhusha rwiwe ku kantu kose

Umugore abishoboye ni umukozi

31:13-27

  • Ntasesagura, ahubwo arorosha ubuzima kugira ngo umuryango wiwe wambare neza, use neza kandi ufungure neza

  • Arakora cane kandi akitwararika urugo rwiwe umurango n’ijoro

Umugore abishoboye arubaha Imana

31:30

  • Aratinya Imana kandi akagiranira na yo ubucuti somambike