Abitavye ihwaniro muri Malawi bahuriye hamwe ku mugoroba kugira barabe televiziyo ya JW

AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Munyonyo 2019

Ingene twotanguza ibiyago

Ibiyago vyerekeye intumbero y’ubuzima be n’umugambi w’Imana wo muri kazoza.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Ntimukunde isi canke ibiri mw’isi

Ni ibiki bizodufasha kwirinda ko isi n’ivyayo bitwigiza kure ya Yehova?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwirinde gutwarwa n’isi igihe utegura ubugeni bwawe

Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zofasha abagiye kurushinga gutegura uwo musi wabo udasanzwe ku buryo batazosigara bicuza canke ngo bagire ijwi ryo mu mutima ribagiriza?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Dutegerezwa kurwana kugira tugume mu kuri

Dushobora gute “kurwana intambara ikomeye yo kurwanira ukwizera”?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Ndazi ibikorwa vyawe”

Yezu arazi ibintu vyose bibera mw’ishengero kandi ni we ayobora inama z’abakurambere.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Yehova arazi ivyo dukeneye

Kubera iki buri hwaniro usanga rihuye n’ivyo dukeneye? Ni ibiki bituma ikoraniro ry’ubuzima bwacu rituremesha cane kandi rikadufasha?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Abagendera ku mafarasi bane

Muri iki gihe turibonera mu buryo bw’ikigereranyo abagendera ku mafarasi bane bavugwa mu Vyahishuwe. None umwe wese muri bo agereranya iki?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Yehova akunda uwutangana akamwemwe

Dushobora gute gutanga intererano tuvyishakiye kugira dushigikire igikorwa c’Ivyabona vya Yehova, aha iwacu canke kw’isi yose?