11-17 Munyonyo
2 YOHANI 1-13; 3 YOHANI 1-14–YUDA 1-25
Ururirimbo rwa 128 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Dutegerezwa kurwana kugira tugume mu kuri”: (Imin. 10)
[Erekana ividewo Incamake y’igitabu ca 2 Yohani.]
[Erekana ividewo Incamake y’igitabu ca 3 Yohani.]
[Erekana ividewo Incamake y’igitabu ca Yuda.]
Yuda 3—Nurwane “intambara ikomeye yo kurwanira ukwizera” (w04 15/9 11-12 ing. 8-9)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Yuda 4, 12—Kubera iki abantu batibanga Imana bari bisobetse mw’ishengero bagereranijwe n’“ibitandara bihishijwe munsi y’amazi mu nzimano . . . z’urukundo”? (it-1 879, it-2 805)
Yuda 14, 15—Kubera iki Henoki yavuze muri kahise ivyobaye muri kazoza, kandi iranguka ry’ubwo buhanuzi ni irihe? (wp17.1 12 ing. 1, 3)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) 2Yh 1-13 (th icigwa ca 12)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ividewo ya mugihura: (Imin. 4) Nimuyirabe mwongere muyiganireko.
Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) Koresha agace kajanye na mugihura. (th icigwa ca 1)
Mugihura: (Imin. 3 canke idashika) Hera ku gace kajanye na mugihura. Nutsinde ivyohagarika ikiyago bikunda kuvugwa aho iwanyu. (th icigwa ca 6)
Mugihura: (Imin. 3 canke idashika) Hera ku gace kajanye na mugihura. Nuce umuha agakarata ka jw.org. (th icigwa ca 11)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ibikenewe iwanyu: (Imin. 15)
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 90
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 147 n’isengesho