Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 YOHANI 1-13; 3 YOHANI 1-14YUDA 1-25

Dutegerezwa kurwana kugira tugume mu kuri

Dutegerezwa kurwana kugira tugume mu kuri

Yuda 3

Yezu yaduhimirije ati: “Nimwihate rwose kugira ngo mwinjire muciye mu muryango waga.” (Lk 13:24) Ivyo Yezu yavuze bisobanura ko dutegerezwa kunyinyana, tukihata cane kugira twemerwe n’Imana. Mwene wabo na Yezu ari we Yuda yarahumekewe kwandika ibisa n’ivyo, maze aduhimiriza “kurwana intambara ikomeye yo kurwanira ukwizera.” Harakenewe rero utwigoro kugira ngo:

  • Twirinde ubuhumbu.​—Yuda 6, 7

  • Twubahe abafise ubukuru mw’ishengero.​—Yuda 8, 9

  • Twiyubake ku ‘kwizera kweranda rwose,’ ni ukuvuga inyigisho za gikirisu.​—Yuda 20, 21