Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Yehova arazi ivyo dukeneye

Yehova arazi ivyo dukeneye

Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge aratugaburira “ku gihe kibereye,” bikaba vyerekana ko Yehova ari na we ayoboye uwo mushumba, azi ivyo dukeneye mu vy’impwemu. (Mt 24:45) Ivyo turabibonera nko ku mahwaniro y’akarere no kw’ikoraniro ry’ubuzima twama tugira.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO RAPORO YA KOMITE NSHINGWANYIGISHO YO MU 2017, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni nde akwiye gushemezwa kubera amahwaniro turonka ku gihe kibereye, kandi kubera iki?

  • Ibikorwa vyo gutegura ihwaniro bitangura ryari?

  • Ivyiyumviro birimburwa ku mahwaniro bicagurwa gute?

  • Gutegura amahwaniro bisaba iki?

  • Uburyo bwo kwigisha bakoresha i Gileyadi bwisungwa gute mw’ikoraniro ry’ubuzima?

  • Inzego zitandukanye zikorana gute mu gutegura agatabu k’ikoraniro?

Wiyumva gute uravye ibifungurwa vy’impwemu Yehova aturonsa?