Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAHISHUWE 4-6

Abagendera ku mafarasi bane

Abagendera ku mafarasi bane

6:2, 4-6, 8

Yezu ‘yaratsinze’ igihe yarwana na Shetani be n’amadayimoni yiwe mw’ijuru akabaraririza kw’isi. N’ubu abandanya atsinda ku neza y’abayoboke biwe mu kubafasha no mu kubakingira muri iyi misi ya nyuma. ‘Azoheraheza intsinzi yiwe’ niyahagarika abagendera kuri za farasi zindi zitatu kuri Harumagedoni, maze agakuraho n’amabi yose bateje.