Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Yehova akunda uwutangana akamwemwe

Yehova akunda uwutangana akamwemwe

Mu 2 Abakorinto 9:7, haturemesha hati: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” Muri kino gihe, turafise uburyo bworoshe bwo gutanga intererano biciye kuri internet kugira dushigikire igikorwa kirangurirwa aha iwacu canke kw’isi yose.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO GUTANGA INTERERANO BICIYE KU BUHINGA BWA NONE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Dushobora gute gushika ahari amakuru ajanye no gutanga intererano kugira tumenye uburyo bushoboka mu gihugu iwacu?

  • Bamwebamwe bungukiye gute ku gutanga intererano biciye ku buhinga bwa none?

  • Ni uburyo butandukanye ubuhe twokoresha mu gutanga intererano?

  • Twokora iki nimba tudatahura ingene twokoresha ubwo buhinga bushasha?