Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwirinde gutwarwa n’isi igihe utegura ubugeni bwawe

Niwirinde gutwarwa n’isi igihe utegura ubugeni bwawe

Abakirisu bimirije kurushinga barafise ingingo nyinshi babwirizwa gufata. Hari aho bokwumva bashaka kwigana ubugeni buhanitse bukunda kuba mu kibano iwabo. Incuti n’abagenzi babipfuriza ineza na bo nyene boshobora kuba bafise ivyiyumviro vy’ukuntu urubanza rwogenda. Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zofasha abagiye kurushinga gutegura uwo musi wabo udasanzwe ku buryo batazosigara bicuza canke ngo bagire ijwi ryo mu mutima ribagiriza?

RABA IVIDEWO IVUGA NGO UBUGENI BUTERA ITEKA YEHOVA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Izi ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zafashije gute Nick na Juliana?

  • Kubera iki abimirije kurushinga bakwiye guhitamwo umuvukanyi ahumuye mu vy’impwemu ngo abe “umuhagarikizi w’ubukwe”?​—Yoh 2:9, 10.

  • Ni amahitamwo ayahe Nick na Juliana bagize ku bijanye n’ubugeni bwabo, kandi kubera iki?

  • Ni nde akwiye gufata ingingo ya nyuma ku bijanye n’ibirori vy’ubugeni be n’agatutu?​—w06 15/10 25 ing. 10.