Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 4-5

Nuhe Yehova ivyiza kuruta ibindi

Nuhe Yehova ivyiza kuruta ibindi

5:5-7, 11

Muri Isirayeli, ubukene ntibwabuza umuntu agateka ko kugiranira amahoro na Yehova. Yehova yarashobora gushima mbere n’amashikanwa y’abakene kuruta abandi bose muri Isirayeli, mu gihe yaba ari meza kuruta ibindi vyose bafise. Barashobora gutanga ifu. Ariko na ho nyene Yehova yitega ko iba “inoze,” bakaba bayikoresha igihe baronse abashitsi b’iteka. (It 18:6) Muri iki gihe, Yehova arashima “ikimazi c’ishemezo” ciza kuruta ibindi vyose dutanga, naho uko ivyacu vyifashe bishobora gutuma haba ivyo tutaba tugishoboye.​—Heb 13:15.

Ivyo bikuremesha gute nimba hari ivyo utagishoboye, kumbure kubera ingorane z’amagara canke inkomezi ziriko ziraguherana?