2-8 Munyonyo
KUVAYO 39-40
Ururirimbo rwa 89 n’isengesho
Amajambo y’intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Musa yarisunze ubuyobozi avyitondeye”: (Imin. 10)
Kv 39:32—Musa yarisunze adaca ku ruhande ubuyobozi Yehova yatanze mu gihe co kwubaka ya taberenakulo (w11 15/9 27 ing. 13)
Kv 39:43—Musa ubwiwe yarasuzumye ya taberenakulo imaze kurangira
Kv 40:1, 2, 16—Musa yashinze ya taberenakulo yisunze ubuyobozi Yehova yatanze (w05 15/7 27 ing. 3)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
Kv 39:34—Abisirayeli bashoboye gute kuronka inshato z’ivyogaruzi ku bw’itaberenakulo? (it-2 510 ing. 4)
Kv 40:34—Igihe igicu gitanguye gupfuka ihema ry’ihuriro, vyaba vyerekana iki? (w15 15/7 21 ing. 1)
Mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi, ni ibiki wize ku vyerekeye Yehova, ubusuku bwo mu ndimiro canke ikindi kintu?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Kv 39:1-21 (th icigwa ca 5)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ividewo ya mugihura: (Imin. 4) Guhana ijambo. Erekana iyo videwo. Nimuze murahagarika iyo videwo igihe iba isa n’iyirangiye, uce ubaza abumviriza ibibazo biboneka muri iyo videwo. Nimuvuge ukuntu twoguma ata ho duhengamiye igihe uwo tuyaga azanye ibibazo vya politike canke vyo mu kibano.
Mugihura: (Imin. 3 canke idashika) Hera ku gace kajanye na mugihura. Niwishure ikibazo uwo muyaga abajije kijanye n’ingene ubona umunyapolitike kanaka canke ikibazo ca politike. (th icigwa ca 12)
Insiguro: (Imin. 5 canke idashika) w16.04 29 ing. 8-10—Umutwe: Dushobora gute kuguma ata ho duhengamiye mu biyago no mu vyiyumviro vyacu? (th icigwa ca 14)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Niwumvirize kugira utahure (Mt 13:16): (Imin. 15) Erekana iyo videwo. Uce ubaza ibibazo bikurikira: Ni kubera iki dukeneye gutega yompi turondera gutahura? Ibivugwa muri Mariko 4:23, 24 bisobanura iki? Ibivugwa muri Baheburayo 2:1 wobitangira akarorero akahe? Twerekana gute ko dutega yompi turondera gutahura?
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30 canke idashika) jy ikig. 139
Amajambo yo gusozera (Imin. 3 canke idashika)
Ururirimbo rwa 139 n’isengesho