Musa yarisunze ubuyobozi avyitondeye
Musa yarisunze adaca ku ruhande ubuyobozi Yehova yamuhaye bwarimwo utuntu tw’ido n’ido ku bijanye n’igikorwa c’itaberenakulo. Na twebwe turakwiye gutega yompi ubuyobozi bwose ishirahamwe rya Yehova rituronsa tugaca tubukurikiza tudatebaganye kandi tubigiranye umutima wacu wose. Ivyo turabigira n’igihe twobona umengo ntibuhambaye canke tudatahura icatumye tubuhabwa.—Lk 16:10.
Kubera iki dukwiye gutega yompi tukongera tugakurikiza ubuyobozi . . .
-
mu gihe c’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro?
-
mu bijanye no kwitegurira kuvurwa mu buryo bwihutirwa?
-
mu bijanye no kwitegurira icago c’icaduka?