Ikimenyamenya c’umuhezagiro wa Yehova
Yehova yaratumye umuriro uyigiza ishikanwa abaherezi bo mu muryango wa Aroni batanze ari bwo bwa mbere. Ivyo vyarerekanye ko Yehova abashima kandi ko abashigikiye. Muri ubwo buryo, Yehova yari aremesheje ihanga ryari rikoraniye ng’aho gushigikira bimwe bishitse ubuherezi. Muri iki gihe, Yehova ariko arakoresha Yezu Kristu uwaninahajwe, nka we Muherezi Mukuru ahambaye. (Heb 9:11, 12) Mu 1919, Yezu yaragenye umugwi muto w’abagabo barobanuwe ngo babe “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mt 24:45) None ni ibimenyamenya ibihe vyerekana ko Yehova ahezagira, agashigikira akongera agashima umushumba w’umwizigirwa?
-
Naho hagumye hari uruhamo, umushumba w’umwizigirwa yarabandanije kuturonsa imfungurwa z’ivy’impwemu
-
Nk’uko vyavuzwe mu buhanuzi, inkuru nziza iriko iramamazwa “mw’isi yose.”—Mt 24:14
Twoshigikira gute umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge bimwe bishitse?