UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Kwamamaza ukoresheje telefone
IGITUMA BIHAMBAYE: Kwamamaza ukoresheje telefone ni uburyo buhambaye bwo “gushingira intahe inogangije inkuru nziza.” (Ivk 20:24) * Biratuma dushobora kubwira inkuru nziza umuntu igihe bitadukundira ko tumushikira, bivanye n’ingene ibintu vyifashe.
UKO WOBIGIRA:
-
Niwitegure. Nuhitemwo iciyumviro kibereye. Nuce ugira urutonde rw’ivyo wipfuza kuvuga. Vyongeye, woshobora gutegura ubutumwa bugufi busigura icatumye uterefona igihe telefone igusavye gusiga ubutumwa. Ni vyiza ko wicara ku meza ufise urutonde rw’ivyo uza kuvuga be n’ibindi bikoresho uza gukenera, nk’akarorero akuma kawe kuguruye kuri JW Library® canke jw.org®
-
Nutekane. Nuvuge uko usanzwe uvuga. Numwenyure ugire n’ibimenyetso vy’umubiri, nk’aho uwo muntu yoba ariko arakubona. Niwirinde kuza uramara umwanya unumye bidakenewe. Biraba vyiza ugiye urakorana n’abandi. Nimba uwo muyaga abajije ikibazo, nugisubiremwo n’ijwi ryumvikana kugira uwo muriko murakorana agufashe gutora inyishu
-
Nucire inzira isubirayo. Nimba uwo muntu agaragaje ko ashimishwa, womusigira ikibazo uzokwishura niwasubira kumutelefona. Vyongeye, urashobora kumurungikira ubutumwa canke kimwe mu bitabu vyacu ku buhinga bwa none, canke ubwawe ukakimushira. Urashobora no kumurungikira ividewo canke ikiganiro, biciye ku buhinga bwa none. Igihe ubona ko bibereye, nubwire uwo muntu n’ibindi biri ku rubuga rwacu
^ ing. 3 Nimba kwamamaza ukoresheje telefone vyemewe mu karere iwanyu, bitegerezwa kwubahiriza amategeko agenga amakuru yerekeye umuntu.