UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Ukwihangana kwa Yehova kurafise aho kugarukira
Yehova yararetse Abasiriya baratsinda Isirayeli (2Bm 17:5, 6; it-2 868 ing. 4)
Yehova yaratoje indero abasavyi biwe kubera ko bagumye bamubabaza (2Bm 17:9-12; it-1 402)
Yehova yarihanganiye Abisirayeli, akaguma ababurira (2Bm 17:13, 14)
Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru akundana arihanganira cane abantu badatunganye. (2Pt 3:9) Ariko rero, kugira ashitse umugambi wiwe, vuba agiye gukuraho ababisha. Kubera iki ivyo bikwiye gutuma twemera ugutozwa indero aturonsa tukongera tukamamaza tubona ko ibintu vyihutirwa?