UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Icogufasha kwirinda kuba nzobandabikora
Umuntu nzobandabikora ararindiriza gukora ibintu yari gukora ubwo nyene. Ukwo si ko Yehu yakoze igihe Yehova yamuha igikorwa co guhonya abantu bose bo mu nzu ya Ahabu. (2Bm 9:6, 7, 16) Hari abavuga bati: “Kumbure nzobatizwa nko mu myaka ingahe iri imbere.” “Vuba nzotangura gusoma Bibiliya buri musi.” “Nzotangura ubutsimvyi ninaronka akazi keza.” Ivyanditswe birashobora kudufasha kwirinda kuba nzobandabikora mu bikorwa bijanye no gusenga.
Ivyanditswe bikurikira vyodufasha gute kwirinda kuba nzobandabikora?