UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Yehova araha agaciro amasengesho yacu
Amasengesho Imana yemera ameze nk’imibavu imota neza yama iturirwa imbere ya Yehova ku rusengero. (Zb 141:2) Igihe tubwira Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ko tumukunda kandi ko tumukengurukira, tukamubwira ibituraje ishinga n’ivyo twipfuza, tukongera tukamusaba ngo atuyobore, tuba twerekanye ko duha agaciro ubucuti dufitaniye na we. Ego ni ko Yehova abona ko amasengesho magufi aturwa ku makoraniro ari umuce uhambaye ugize ugusenga kwacu. Ariko rero, ese ukuntu ategerezwa kuba ahimbarwa igihe tumusukiye ibiri ku mutima mu masengesho tumutura ku giti cacu, kandi tukamara umwanya uhagije turiko turamusenga!—Img 15:8.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NDIHEKA KW’ISENGESHO, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Ni uduteka utuhe umuvukanyi Johnson yatewe?
-
Ni gute umuvukanyi Johnson yiheka kuri Yehova mw’isengesho?
-
Ni ivyigwa ibihe wakuye ku nkuru y’umuvukanyi Johnson?