UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Yehova aribuka ukubira akuya kwacu
Turagira utwigoro two gufasha abandi, ariko birashika tukabona umenga ntibadushimira kandi bakibagira ningoga ivyo twabakoreye. Bite ho ku murimo turangurira Yehova? Imana yacu ikenguruka ntiyigera yibagira utwigoro tuvuye ku mutima tugira mu kuyikorera. N’igihe tutagishobora gukora vyinshi kubera amagara make, Yehova ntaduheba.—Heb 6:10.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO YEHOVA ARIBUKA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Ni gute umuvukanyi Hibshman yitanze cane mu mice itandukanye y’umurimo wa Yehova?
-
Yehova yibutse gute umuvukanyi Hibshman inyuma y’aho umugore wiwe apfiriye n’igihe atari agishoboye gukora vyinshi kubera ubusaza?
-
Kubera iki twovuga ko imyaka Hibshman yamaze mu murimo w’igihe cose yari yuzuye imihezagiro?—Img 10:22