UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Abari kumwe natwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo
Elisha n’umusuku wiwe bari bakikujwe n’abansi (2Bm 6:13, 14; it-1 728 ing. 5)
Elisha yagumye atekanye yongera araremesha umusuku wiwe (2Bm 6:15-17; w13 15/8 30 ing. 2; raba ishusho iri ku gipfukisho)
Yehova yararokoye Elisha n’umusuku wiwe ku gitangaro (2Bm 6:18, 19; it-1 409 ing. 4)
Abaturwanya ntibakomeye kuruta Yehova. Hamwe tworunguruka mw’ijuru tukabona ukuntu Yehova ariko arakoresha abamarayika biwe kugira akingire abasavyi biwe, wiyumvira ko ari ibiki twobona?