UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Mugire akamenyero ko gutanga”
Yezu yavuze ko agatima ko gutanga kandukira. (Lk 6:38) Igihe ufise akamenyero ko gutanga biratuma abavukanyi na bashiki bacu bagaragaza umutima mwiza kandi bagatanga cane.
Gutangana akamwemwe ni umuce ugize ugusenga kwacu. Yehova arabona abagirira ubutoni abakirisu bagenzi babo baba bari n’ivyo bakeneye kandi abasezeranira kubaha impera.—Img 19:17.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO TURAKENGURUKA AGATIMA MUFISE KO GUTANGA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Intererano mutanga zifasha gute abavukanyi na bashiki bacu?
-
Kubera iki dukwiye kubandanya tugaragaza agatima ko gutanga, tutaravye ivyo dushoboye gutanga uko bingana?—Raba kandi ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Ukuntu umusesekara wa bamwe wuzuriza ugukehanirwa kw’abandi.”