Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

16-22 Kigarama

ZABURI 119:​57-120

16-22 Kigarama

Ururirimbo rwa 129 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Ingene twokwihanganira amagorwa

(Imin. 10)

Nubandanye gusoma Ijambo ry’Imana no kuryiga (Zb 119:61; w06 15/6 20 ing. 2; w00 1/12 24 ing. 3)

Nureke ingorane zigushikira zigutyorore (Zb 119:71; w06 1/9 14 ing. 4)

Niwiture Yehova agufashe (Zb 119:76; w17.07 13 ing. 3, 5)

NIWIBAZE UTI: «Ni mu buryo ubuhe Yehova yamfashije kwihanganira amagorwa?»

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 119:96—Uwo murongo ushobora kuba usobanura iki? (w06 1/9 14 ing. 5)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Mwereke urubuga rwacu, uce umuha agakarata ka jw.org. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 5)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Numutumire ku nsiguro ya bose ikurikira. Numwereke ividewo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga. (lmd icigwa ca 8 iciyumviro ca 3)

6. Gusigura ivyo wemera

(Imin. 5) Umwerekano. ijwbq 157—Umutwe: Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka? (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 3)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 128

7. Yehova aradufasha kwihangana

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Kwihangana ni ukuguma ushikamye mu bigeragezo, ntutane n’akabando. Birimwo kudahungabana, kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza no kuguma wizeye ko ibintu bizogenda neza. Igihe ingorane zadutse, umuntu yihangana ‘ntaca asubira inyuma’ ni ukuvuga ntaca agabanya umwete mu gikorwa ca Yehova. (Heb 10:​36-39) Yehova arashashaye kudufasha kwihanganira ingorane.—Heb 13:6.

Niwandike kuri buri canditswe ingene Yehova adufasha kwihangana.

Nimurabe IVIDEWO Niwame usengera abari mu ngorane. Nuce ubaza uti:

  • Twokoresha gute jw.org kugira tugume tuzi amakuru y’abavukanyi bari mu ngorane?

  • Abavyeyi bokwigisha gute abana babo gusengera abandi, kandi bivamwo ivyiza ibihe?

  • Kubera iki bihambaye ko dusaba Yehova ngo afashe abakirisu bagenzi bacu kwihangana?

  • Gusengera abandi vyodufasha gute kwihanganira ingorane?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 32 n’isengesho