Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

23-29 Kigarama

ZABURI 119:​121-176

23-29 Kigarama

Ururirimbo rwa 31 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Ingene twokwirinda umubabaro udakenewe

(Imin. 10)

Nukunde amabwirizwa y’Imana (Zb 119:127; w18.06 17 ing. 5-6)

Niwanke ikibi (Zb 119:128; w93 15/4 17 ing. 12)

Niwumvirize Yehova, wirinde gukora amakosa nk’ay’«umuntu atazi utuntu n’utundi» (Zb 119:​130, 133; Img 22:3)

NIWIBAZE UTI: «Ni ibintu bitomoye ibihe nkeneye kuryohora mu bijanye no gukunda amategeko y’Imana canke kwanka ikibi?»

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 119:160—Twisunze uwo murongo, ni igiki dukwiye kwemera tudakeka? (w23.01 2 ing. 2)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 5)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) INZU KU NZU. Numwereke ingene yoronka amakuru yomushimisha kuri jw.org. (lmd icigwa ca 8 iciyumviro ca 3)

6. Guhindura abantu abigishwa

(Imin. 5) Nuganire n’inyigisho ya Bibiliya iza irasiba amakoraniro. (lmd icigwa ca 12 iciyumviro ca 4)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 121

7. Ntureke ngo amahera aguteze umubabaro udakenewe

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Abaca ku biti no ku mabuye kubera gukunda amahera «bikwegera imibabaro myinshi.» (1Tm 6:​9, 10) Ng’iyi imibabaro idakenewe twokwikwegera hamwe twokunda cane amahera, tukabona ko ari co kintu gihambaye mu buzima bwacu.

  • Ntituzoshobora kugiranira ubugenzi somambike na Yehova.—Mt 6:24

  • Ntituzokwigera duhaga amahera.—Ums 5:10

  • Tuzokwoshwa gukora ibibi nko kubesha, kwiba n’ubuhemu. (Img 28:20) Gukora ivyo bintu bituma tuguma twiyagiriza, tukamenyekana nabi kandi Imana ntibe ikidushima

Soma Abaheburayo 13:​5, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kugira ntitwikwegere imibabaro dukwiye kubona gute amahera, kandi kubera iki?

Naho tutoba dukunda amahera, turashobora kwikwegera imibabaro igihe tutoyakoresha neza.

Nimurabe IBISIGURWA BARIKO BARABICAPA Ukuntu wokoresha neza amahera yawe. Nuce ubaza uti:

  • Kubera iki dukwiye gupanga ingene dukoresha amahera, kandi twobigira gute?

  • Kubera iki ari vyiza kuziganya uduhera?

  • Kubera iki ari vyiza kwirinda amadeni adakenewe?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 101 n’isengesho