Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

30 Kigarama 2024–5 Nzero 2025

ZABURI 120-126

30 Kigarama 2024–5 Nzero 2025

Ururirimbo rwa 144 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Abisirayeli bahungutse bariko barimbura bahimbawe kubera Yehova yabahezagiye

1. Babivye barira, mugabo bimbura banezerewe

(Imin. 10)

Abisirayeli baranezerewe igihe bava mu bunyagano i Babiloni, bakaza gusubizaho ugusenga gutyoroye (Zb 126:​1-3)

Abagarutse mu Buyuda bashobora kuba bararize kubera ibikorwa bitoroshe babwirizwa gukora (Zb 126:5; w04 1/6 16 ing. 10)

Barumiyeko kandi barahezagiwe (Zb 126:6; w21.11 25 ing. 17; w01 1/8 14 ing. 13-14; raba ishusho )

IVYO KUZIRIKANAKO: Nitwarokoka tukava muri ino si mbi kuri Harumagedoni, ni ingorane izihe tuzogira muri ca gikorwa co gusubira gutunganya isi? Ni imihezagiro iyihe tuzokwironkera?

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 124:​2-5—Twoba twokwitega ko Yehova adukingira mu buryo bw’umubiri nk’uko yabigiriye ihanga rya Isirayeli? (cl 73 ing. 15)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) KU MUGARAGARO. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 5)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) INZU KU NZU. Igihe muherukana, uwo muntu yavuze ko akekeranya ku vyo Bibiliya ivuga. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 5)

6. Guhindura abantu abigishwa

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 155

7. Nuryoherwe n’ivyo Imana yasezeranye

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Yehova yarashikije ivyo yari yarasezeraniye abasavyi biwe bari barajanywe mu bunyagano i Babiloni. Yarabarokoye yongera arabababarira ivyaha vyabo. (Yes 33:24) Bigaragara ko yabakingiye bo n’ibitungwa vyabo ngo ntibaribwe n’intambwe hamwe n’ibindi bikoko vyari vyaragwiriye igihe abantu bari baragiye. (Yes 65:25) Bokwibereye mu mazu yabo ata nkomanzi bakirira n’ivyamwa vy’imizabibu yabo. (Yes 65:21) Imana yarahezagiye igikorwa cabo kandi bararamvye.—Yes 65:​22, 23.

Isumo: Maridav/stock.adobe.com; imisozi: AndreyArmyagov/stock.adobe.com

Nimurabe IVIDEWO Nuhimbarwe no kuba Imana yadusezeraniye amahoro—Agace. Nuce ubaza uti:

  • Ubwo buhanuzi buriko buranguka gute mu buryo bw’impwemu muri iki gihe?

  • Buzoranguka gute mu buryo bwagutse mw’isi nshasha?

  • Ni ubuhe ushashaye cane?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 58 n’isengesho