4-10 Munyonyo
ZABURI 105
Ururirimbo rwa 3 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. «Yama yibuka isezerano ryiwe ibihe bidahera»
(Imin. 10)
Yehova yaragiraniye isezerano na Aburahamu, yongera ararisubiriramwo Izahaki na Yakobo (It 15:18; 26:3; 28:13; Zb 105:8-11)
Wamenga ntivyokunda ko iryo sezerano riranguka (Zb 105:12, 13; w23.04 28 ing. 11-12)
Yehova ntiyigeze yibagira isezerano yagiraniye na Aburahamu (Zb 105:42-44; it-2 493 ing. 9)
NIWIBAZE UTI: «Kumenya ko Yehova ashitsa ivyo asezerana bimfasha gute?»
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
-
Zb 105:17-19—Ni gute «ijambo rya Yehova» ryatyoroye Yozefu? (w86 1/11 19 ing. 15)
-
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Zb 105:24-45 (th icigwa ca 5)
4. Gutanguza ikiyago
(Umun. 1) INZU KU NZU. Uwo tugendeye arafatiriwe. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 5)
5. Gutanguza ikiyago
(Imin. 2) INZU KU NZU. Igihe uwo muntu atanguye guharira, nurangize ikiyago mu buryo bwiza. (lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 5)
6. Gukurikirana abashimishijwe
(Imin. 4) INZU KU NZU. Numuhe ikinyamakuru kirimwo iciyumviro camushimije ubuheruka. (lmd icigwa ca 8 iciyumviro ca 3)
7. Gukurikirana abashimishijwe
(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Nubwire uwo muntu ibijanye na JW Library® uce umwereka ingene yoyivoma. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 5)
Ururirimbo rwa 84
8. Ingene wokwerekana ko ukunda Umwana w’Imana
(Imin. 15) Guhana ijambo.
Igihe dukoresheje umwanya wacu, inguvu zacu n’ivyo dutunze mu gushigikira ibikorwa vy’Ubwami, tuba twerekanye ko dukunda Kristu Yezu, Umwami Yehova yimitse. Ivyo biratuma Yehova adukunda kandi biragirira akamaro abavukanyi na bashiki bacu. (Yoh 14:23) Vya biganiro vyo kuri jw.org bivuga ngo «Ingene intererano mutanga zikoreshwa» birerekana ingene intererano dutanga zifasha cane umuryango w’abavukanyi uri kw’isi yose.
Nimurabe IVIDEWO Ivyo intererano mutanga zikora. Nuce ubaza uti:
-
Kuba intererano zikoreshwa mu kuburanira uburenganzira bwo gusenga vyagiriye akamaro akahe abavukanyi?
-
Ni gute «ukunganya» mu bijanye n’intererano vyafashije mu kwubaka Ingoro z’Ubwami?—2Kr 8:14
-
Gukoresha intererano mu gushigikira igikorwa co guhindura Bibiliya mu ndimi nyinshi vyavuyemwo ivyiza ibihe?
9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) bt ikig. 17 ing. 13-19