Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

9-15 Kigarama

ZABURI 119:​1-56

9-15 Kigarama

Ururirimbo rwa 124 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. «Umusore yokora iki kugira inzira yiwe igume ityoroye?»

(Imin. 10)

Nugume wiyubara (Zb 119:9; w87 1/11 18 ing. 10)

Nugume wumiye ku vyibutswa vy’Imana (Zb 119:​24, 31, 36; w06 15/6 25 ing. 1)

Nuhindukize amaso yawe ntarabe ibintu bitagira akamaro (Zb 119:37; w10 15/4 20 ing. 2)

NIWIBAZE UTI: «Ni ivyibutswa ibihe maze kuronka vyomfasha kuguma ntahumanye mu maso ya Yehova?»

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 119—Iyo zaburi yatunganijwe gute kandi ni imvo iyihe ishobora kuba yarabitumye? (w05 15/4 10 ing. 2)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. Nutanguze ikiyago ku muntu muhuriye mw’ibarabara uriko urakora ubusuku bw’inzu ku nzu. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 4)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) INZU KU NZU. Igihe muheruka kuganira, uwo muntu yakubwiye ko aheruka kubura uwiwe. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 3)

6. Insiguro

(Imin. 5) ijwyp 83—Umutwe: Nonanira gute ibigeragezo? (th icigwa ca 20)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 40

7. Ibirangurwa n’ishirahamwe vyo muri Kigarama

(Imin. 10) Nimurabe IVIDEWO.

8. Ibikenewe iwanyu

(Imin. 5)

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 21 n’isengesho