Bariko baramamaza bacishije mu cuma bavugiramwo ku rugi i Vienne muri Otrishe

AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Myandagaro 2016

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago dukoresheje Be maso! n’agatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera. Ufatiye kuri ubwo burorero niwitegurire uburyo bwawe.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Guma ahihishije ha Musumbavyose

“Ahihishije” ha Yehova ni iki kandi hadukingira gute? (Zaburi 91)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Fasha abo wigisha Bibiliya gutera imbere gushika kw’ibatisimu

Ni kubera iki iyo migambi yo mu vy’impwemu ihambaye? Twofasha gute abo twigisha Bibiliya kugira bayishikeko?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Abageze mu zabukuru barama mu vy’impwemu

Imirongo yo muri Zaburi 92 irerekana ko abageze mu zabukuru baba bagishurika, bakama mu vy’impwemu.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Yehova aribuka ko turi umukungugu

Muri Zaburi 103, Dawidi yarakoresheje imvugo ngereranyo mu kwerekana urugero rw’imbabazi z’Imana.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Nimukengurukire Yehova”

Imirongo yo muri Zaburi 106 yogufasha gutsimbataza no kuzigama agatima ko gukengurukira Yehova.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Nzokwishura iki Yehova?”

Ni ibiki umwanditsi w’amazaburi yari yiyemeje gukora kugira yerekane ko akengurukira Yehova? (Zaburi 116)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwigishe ukuri

Bwira abantu ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya ukoresheje ubwo buryo bushasha bwo gutanguza ibiyago.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Isekeza ridasanzwe ryo gutanga Umunara w’Inderetsi muri Nyakanga

Uwo Munara w’Inderetsi uzovuga ibijanye n’uruhoza n’ingene Imana iduhoza.