Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 87-91

Guma ahihishije ha Musumbavyose

Guma ahihishije ha Musumbavyose

Abibera “ahihishije” ha Yehova barakingirwa mu vy’impwemu

91:1, 2, 9-14

  • Muri iki gihe, kugira ngo tube ahihishije ha Yehova dutegerezwa kumwiyegurira tukabatizwa

  • Abatizigira Imana ntibahazi

  • Abibera ahihishije ha Yehova barakingirwa ikintu cose n’umuntu wese vyogeramira ukwizera kwabo n’urukundo bafitiye Imana

Wa “mutezi w’inyoni” aragerageza kuducakira

91:3

  • Kubera ko inyoni ziyubara cane, ziragoye gucakira

  • Abatezi b’inyoni barihweza bitonze ivyo zikunda gukora maze bakiga amayeri yo kuzicakira

  • Shetani, wa “mutezi w’inyoni,” arihweza yitonze abasavyi ba Yehova maze akabatega imitego yobagwisha mu vy’impwemu

Ng’iyi imitego ine ikaze Shetani akoresha:

  • Gutinya abantu

  • Amaronko

  • Ukwisamaza kutabereye

  • Ingorane tugiranira n’abandi