Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Fasha abo wigisha Bibiliya gutera imbere gushika kw’ibatisimu

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Fasha abo wigisha Bibiliya gutera imbere gushika kw’ibatisimu

IGITUMA BIHAMBAYE: Kugira ngo abatohoji ba Bibiliya bemerwe na Yehova, bategerezwa kumwegurira ubuzima bwabo maze bakabatizwa. (1Pt 3:21) Baraheza bagakingirwa mu buryo bw’impwemu igihe babayeho bahuza n’ukwiyegura kwabo. (Zb 91:1, 2) Umukirisu yiyegurira Yehova ntiyiyegurira umuntu, igikorwa canke ishirahamwe. Ku bw’ivyo, abo twigana Bibiliya barakeneye kwiga gukunda Imana no kuyikengurukira.Rm 14:7, 8.

UKO WOBIGIRA:

  • Igihe mwiga, nimuganire ico ivyo muriko muriga bihishura ku vyerekeye Yehova. Nushimike ku bijanye no gusoma Bibiliya ku musi ku musi no gusenga Yehova “ubudahengeshanya.”1Ts 5:17; Yak 4:8

  • Muremeshe kwishingira umugambi wo kwiyegura no kubatizwa. Mufashe kandi gukora ibintu vyotuma awushikako nko kwishura ku makoraniro, kubwira inkuru nziza ababanyi canke abo bakorana. Uribuka ko Yehova ata n’umwe ahata ngo amukorere. Umuntu ni we yihitiramwo kumwiyegurira.Gus 30:19, 20

  • Muremeshe kugira amahinduka akenewe kugira ahimbare Yehova yongere akwize ibisabwa kugira abatizwe. (Img 27:11) Kubera ko ashobora kuba agifise utugeso n’utumenyero twamwiziziye, hari aho yokenera kuguma afashwa kugira ngo yambure umuntu wa kera yambare mushasha. (Ef 4:22-24) Mwereke ibiganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu”

  • Mubwire umunezero uronka kubera ukorera Yehova.Yes 48:17, 18