Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Isekeza ridasanzwe ryo gutanga Umunara w’Inderetsi muri Nyakanga

Isekeza ridasanzwe ryo gutanga Umunara w’Inderetsi muri Nyakanga

Abantu bo mu mihingo yose barakenera uruhoza. (Ums 4:1) Mu kwezi kwose kwa Nyakanga, tuzogira akigoro kadasanzwe ko gushikiriza Umunara w’Inderetsi uzoba uvuga ibijanye n’uruhoza. Uzowuhe benshi bashoboka. Ariko rero, kubera ko twipfuza kuvugana n’abantu imbonankubone kugira tubahoze, ntituzosiga uwo Munara ku mihana tutasanzeho abantu.

ICO WOVUGA

“Twese birashika tugakenera uruhoza. None tworukura hehe? [Soma 2 Abakorinto 1:3, 4.] Uyu Munara w’Inderetsi urasigura ingene Imana iduhoza.”

Uwo muntu ashimishijwe kandi akakira ikinyamakuru, . . .

MWEREKE AKAVIDEWO NI KUBERA IKI UKWIYE KWIGA BIBILIYA?

Nuce umubaza nimba yoshima kwiga Bibiliya.

CIRA INZIRA ISUBIRAYO

Baza ikibazo uzokwishura ugarutse. Nk’akarorero: “Kubera iki Imana ireka hakaba imibabaro?