Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwigishe ukuri

Niwigishe ukuri

Guhera muri Nyakanga, Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu kazoba karimwo uburyo bushasha bwo gutanguza ibiyago bwitwa “Niwigishe ukuri.” Intumbero yacu izoba ari iyo kwerekana ukuri kanaka kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya, dukoresheje ikibazo n’icanditswe bijanye.

Tubonye ko umuntu yashimishijwe, turashobora gucira inzira isubirayo mu kumusigira ico yosoma canke tukamwereka akavidewo ko kuri jw.org. Dukwiye gusubira kumuraba inyuma y’imisi mikeyi kugira dushishikare ikiyago. Ubwo buryo bushasha bwo gutanguza ibiyago hamwe n’ibiganiro vy’abanyeshure bizoba bishingiye ku ncamake z’ibigabane vyo mu gitabu Bibiliya itwigisha iki? Muri izo ncamake hariyo ibindi bibazo n’ivyanditswe vyodufasha kugira amasubirayo no kuyobora inyigisho dukoresheje Bibiliya gusa.

Inzira ijana mu buzima ni imwe gusa. (Mt 7:13, 14) Kubera ko tuyaga n’abantu batandukanye kandi bava mu madini atandukanye, umwe wese dukwiye kumubwira ukuri kwo muri Bibiliya kwomushimisha ku giti ciwe. (1Tm 2:4) Nitwamenyera gukoresha ibiganiro bitandukanye bishingiye kuri Bibiliya, tukarushiriza no kuba “a[ba]koresha neza ijambo ry’ukuri,” umunezero wacu uzokwiyongera tube n’abigisha kirumara.2Tm 2:15.