Ivyigwa dukura mu mugani w’imina cumi
Ibintu bitandukanye bivugwa muri uwu mugani bigereranya iki?
-
Nyene urugo agereranya Yezu
-
Abashumba bagereranya abigishwa ba Yezu barobanuwe
-
Amahera nyene urugo asigira abashumba biwe agereranya iteka ridasanzwe ryo guhindura abantu abigishwa
Uwu mugani urereka abigishwa ba Kristu barobanuwe ivyobashikira nka hamwe botangura kwigenza nka wa mushumba mubi. Yezu yiteze ko abigishwa biwe bakoresha ivyo bafise vyose mu guhindura abantu abigishwa.
Nokwigana gute abakirisu barobanuwe b’abizigirwa mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?