UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Yezu yarapfiriye n’umuvukanyi wawe
Yezu yapfiriye abantu badatunganye. (Rm 5:8) Nta gukeka ko dukenguruka kuba Yezu yaradukunze akemera gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. Ariko rero, turakeneye kuza turiyibutsa ko Kristu yapfiriye n’umuvukanyi wacu. None abavukanyi bacu badatunganye nkatwe, twobagaragariza gute mwene urwo rukundo rwa Kristu? Raba uburyo butatu. Ubwa mbere, turashobora kwagura urutonde rw’abo tugira abagenzi, tugashiramwo n’abo tudahuje imico kama. (Rm 15:7; 2Kr 6:12, 13) Ubwa kabiri, twokwiyubara kuvuga canke gukora ibintu vyotsitaza abandi. (Rm 14:13-15) Ubwa nyuma, twokwihutira kubabarira umuvukanyi yoducumurako. (Lk 17:3, 4; 23:34) Nitwihata cane kugira ngo twigane Yezu muri ubwo buryo, Yehova azobandanya guhezagira ishengero rigume rirangwamwo ubumwe n’amahoro.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NURUSHIRIZE KUMERA NEZA!, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
-
Mu ntango Miki yabona gute ishengero yarimwo?
-
Ni ibiki vyatumye ahindura ukuntu yiyumva?
-
Akarorero ka Yezu kamufashije gute guhindura ukuntu yabona ibintu? (Mr 14:38)
-
Mu Migani 19:11 hadufasha gute kubona abakirisu bagenzi bacu mu buryo bwiza?