Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | TITO 1–FILEMONI

“Ugene abagabo b’inararibonye”

“Ugene abagabo b’inararibonye”

Tt 1:5-9

Paulo yasavye Tito “[kugena] abagabo b’inararibonye mu gisagara no mu kindi.” Ico gikorwa gishingiye ku Vyanditswe n’ubu kiracakurikizwa igihe abacungezi bagena abavukanyi mw’ishengero.

INAMA NYOBOZI

Mu buryo buhuye n’icitegererezo co mu kinjana ca mbere, Inama Nyobozi yarajeje abacungezi b’imizunguruko ibanga rikomeye ryo kugena abakurambere n’abakozi b’ishengero.

ABACUNGEZI B’IMIZUNGURUKO

Umucungezi w’umuzunguruko wese ategerezwa gusuzuma yitonze kandi abijanisha n’isengesho amarata abakurambere bagize maze akagena abagabo bakwije ibisabwa.

ABAKURAMBERE BAGENYWE

Abakurambere n’aho boba bamaze kugenwa bakwiye kubandanya bashitsa neza ivyo basabwa n’Ivyanditswe.