UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ibikorwa vyiza bitigera vyibagirwa
Abasavyi b’Imana bose barashobora gukorera Yehova ibintu azokwama yibuka. Kurya kw’umuvyeyi akunda abana biwe kandi ntiyigere yibagira ivyiza bakoze, ni ko na Yehova atibagira igikorwa cacu be n’urukundo dukunda izina ryiwe. (Mt 6:20; Heb 6:10) Ego ni ko twese ntidushoboye bimwe, kandi uko ivyacu vyifashe kuratandukanye. Ariko dukoze ivyo dushoboye vyose mu murimo wa Yehova turashobora guhimbarwa. (Gl 6:4; Kl 3:23) Mu myaka n’iyindi, abavukanyi na bashiki bacu ibihumbi baritanze barakorera kuri Beteli. Woba nawe ushobora kwitanga ugakorera kuri Beteli? Nimba bidakunda, ubona woremesha uwundi kubigira canke na ho ugafasha umunyabeteli kuguma muri ico gikorwa kidasanzwe?
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO WOBA WOKWITANGA UGAKORERA KURI BETELI?, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
-
Ni igiki gikwiye gutuma dukorera kuri Beteli?
-
Ni ibiki bamwe bavuze ku bijanye n’imihezagiro iri mu gukorera kuri Beteli?
-
Ni ibiki bisabwa ku bashaka gukorera kuri Beteli?
-
Wosaba gute gukorera kuri Beteli?