Abavukanyi bari kw’ihwaniro mpuzamakungu ryo mu 2014, i New Jersey muri Amerika.

AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Ndamukiza 2016

Ingene twotanguza ibiyago

Ivyiyumviro vy’ingene twoshikiriza Be maso! n’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Ufatiye kuri ubwo burorero niwitegurire uburyo bwawe.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Remesha abandi ukoresheje amajambo meza

Abagenzi batatu ba Yobu nta jambo na rimwe ry’indemesho bamubwiye. Ahubwo barasongereye isibe mu kumwagiriza. (Yobu 16-20)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ikiganiro gishasha kidufasha gutanguza ibiyago

Ingene wotanguza ibiyago bishingiye kuri Bibiliya ukoresheje ikiganiro gishasha kivuga ngo “Bibiliya ibivugako iki?”

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Yobu yararwanije ivyiyumviro bitari vyo

Raba itandukaniro riri hagati y’ibinyoma bimwebimwe vya Shetani n’ukuntu Yehova atubona vy’ukuri. (Yobu 21-27)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Yobu ni akarorero mu bijanye n’ugutungana

Yobu yari yiyemeje kwigenza nk’uko Yehova ashaka kandi akigana ubutungane bwiwe. (Yobu 28-32)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Umugenzi nyakuri atanga impanuro zubaka

Niwigane ukuntu Elihu yafashe umugenzi wiwe Yobu mu buryo buranga urukundo. (Yobu 33-37)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

Isekeza ryo gutumira abantu kw’ihwaniro

Ibintu wokwitwararika igihe utumira abantu kw’ihwaniro ry’akarere ry’Ivyabona vya Yehova. Imenyereze ivyo wovuga.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro

Niwiyumvire ukuntu wogaragariza abandi urukundo kw’ihwaniro.