Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago

BE MASO!

Ivyo wovuga: Nari ndabazaniye Be maso! nshasha.

Ikibazo: Ehe raba iki kibazo kiri ku rupapuro rwa 2. Ucibazako iki?

Icanditswe: Mt 11:19

Ibi birigaragaza igihe umuntu ashize mu ngiro impanuro za Bibiliya, nk’uko uza kubibona muri iki kiganiro.

BE MASO!

Ikibazo: Ubona bitoba vyiza twisunze aya majambo mu buzima bwacu?

Icanditswe: Mt 6:34

Ivyo wovuga: [Mwereke ikiganiro kivuga ngo “Twisunze Bibiliya—Amaganya.”] Iki kiganiro kirerekana ingene Bibiliya yodufasha igihe dufise amaganya.

Ivyo Bibiliya yigisha

Ikibazo: Abantu benshi bemera Imana usanga bipfuza kuyiyegereza cane. Wari uzi ko Bibiliya ituremesha kuyiyegereza?

Icanditswe: Yak 4:8a

vyo wovuga: Iki gitabu kiradufasha kumenya vyinshi ku vyerekeye Imana biciye kuri Bibiliya. [Nufatire ku kigabane ca 1 co mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha.]

ANDIKA HANO UBURYO BWAWE

 

Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago