Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

Isekeza ryo gutumira abantu kw’ihwaniro

Isekeza ryo gutumira abantu kw’ihwaniro

Buri mwaka tuba dushashaye kwitaba amahwaniro yacu y’akarere aho turonkera inzimano yo mu vy’impwemu. Kugira n’abandi bungukire ku kumera neza kwa Yehova, tuzotumira benshi bashoboka baze kwifatanya natwe. (Zb 34:8) Inama y’abakurambere izoraba ingene bokoresha neza ubutumire bazoronka.

IBINTU WOKWITWARARIKA

  • Ihwaniro ryacu rizoba ryari?

  • Tuzotangura isekeza ryari?

  • Amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro azoza araba ryari?

  • Muri iri sekeza, ni ibiki nipfuza gushikako?

  • Ni bande nshaka gutumira?

IVYO WOVUGA

Umaze kuramukanya nk’uko musanzwe muramukanya aho iwanyu, woshobora kuvuga uti:

“Turiko turagira uruhara mw’isekeza ririko riraba kw’isi yose ryo gutumira abantu ku rubanza ruhambaye. Igenekerezo, amasaha be n’ikibanza urwo rubanza ruzoberamwo biriko kuri ubu butumire. Tuzohimbarwa no kukubona.”

IGIHE HARI UWUSHIMISHIJWE

Naho twipfuza gutumira abantu benshi cane kw’ihwaniro, turakwiye kwitwararika abagaragaza ugushimishwa.

Ku mpera y’imishamvu, woshobora gutanga ubutumire n’ikinyamakuru.