Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 33-37

Umugenzi nyakuri atanga impanuro zubaka

Umugenzi nyakuri atanga impanuro zubaka

Igihe Elihu yafata ijambo, impanuro yahaye Yobu n’ukuntu yayimuhaye nta ho vyari bihuriye n’impanuro Elifazi, Biludadi na Zofari bamuhaye. Yarerekanye ko ari umugenzi nyakuri n’umuhanuzi mwiza twokwigana.

IBIRANGA UMUHANUZI MWIZA

ELIHU YARADUSIGIYE AKARORERO KEZA

32:4-7, 11, 12; 33:1

 

  • ARIHANGANA

  • ARATEGA YOMPI

  • ARUBAHA

 
  • Elihu yararindiriye yihanganye gushika abamukurira bahejeje kuvuga

  • Kubera yateze yompi, yarashoboye gutahura neza aho ikibazo nyamukuru gihagaze imbere y’uko atanga impanuro

  • Yakoresheje izina rya Yobu kandi amuyagisha nk’umugenzi

 

33:6, 7, 32

 

  • ARICISHA BUGUFI

  • AROROSHE KUYAGIRA

  • AFISE IMPUHWE

 
  • Elihu yaricishije bugufi aragaragaza n’ubuntu mu kwemera ko na we ubwiwe adatunganye

  • Yarumviye impuhwe Yobu kubera imibabaro yarimwo

 

33:24, 25; 35:2, 5

 

  • ABONA IBINTU MU BURYO BURI KU RUGERO

  • NI UMUNYABUNTU

  • YISUNGA IVYIYUMVIRO VY’IMANA

 
  • Elihu yarabogoye ivyiyumviro vya Yobu n’umutima mwiza

  • Elihu yarafashije Yobu kubona ko ubugororotsi bwiwe atari co kintu gihambaye

  • Impanuro nziza Elihu yahaye Yobu zaratumye yakira neza impanuro Yehova yahavuye amuha