UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro
Mu gihe c’ihwaniro, cokimwe no mu bindi bihe, twipfuza kuyoborwa n’urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu. (Mt 22:37-39) Mu 1 Abakorinto 13:4-8 harerekana ingene twogaragaza urukundo. Hagira hati: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. . . . Ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu. . . . Urukundo ntirwigera runanirwa.” Uko uraba ividewo ivuga ngo Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro, niwiyumvire ingene wogaragariza abandi urukundo kw’ihwaniro.
TWOGARAGAZA GUTE URUKUNDO . . .
-
igihe dufata ibibanza?
-
igihe umuziki w’intango ugira utangure?
-
igihe turi aho tuzoba twashikiye?
-
ku biraba ibikorwa vyo kw’ihwaniro?