Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro

Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro

Mu gihe c’ihwaniro, cokimwe no mu bindi bihe, twipfuza kuyoborwa n’urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu. (Mt 22:37-39) Mu 1 Abakorinto 13:4-8 harerekana ingene twogaragaza urukundo. Hagira hati: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. . . . Ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu. . . . Urukundo ntirwigera runanirwa.” Uko uraba ividewo ivuga ngo Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro, niwiyumvire ingene wogaragariza abandi urukundo kw’ihwaniro.

TWOGARAGAZA GUTE URUKUNDO . . .

  • igihe dufata ibibanza?

  • igihe umuziki w’intango ugira utangure?

  • igihe turi aho tuzoba twashikiye?

  • ku biraba ibikorwa vyo kw’ihwaniro?