Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ikiganiro gishasha kidufasha gutanguza ibiyago

Ikiganiro gishasha kidufasha gutanguza ibiyago

Kuva muri Nzero 2016, ku rupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi integuro ya bose, hari ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya ibivugako iki?” Ico kiganiro gishasha kidufasha gutanguza ibiyago bishingiye kuri Bibiliya. Nka kurya biri ku dupapuro tw’inkuru nziza, uhasanga ikibazo gituma umuntu aserura iryo agona, inyishu Bibiliya itanga n’ibindi vyiyumviro mwoganirako.

Ibiyago vyiza bishingiye ku Vyanditswe usanga kenshi bivamwo inyigisho za Bibiliya. Nukoreshe ico kiganiro kugira ufashe benshi kumenya Imana.Mt 5:6.

INGENE TWOGIKORESHA:

  1. Baza uwo muriko murayaga ico yiyumvira kuri kimwe mu bibazo vyatanzwe

  2. Tega yompi inyishu atanga kandi umushimire

  3. Soma icanditswe kiri ahavuga ngo “Ico Bibiliya ivuga” maze umubaze ico aciyumvirako. Nimba afise umwanya, nimuganire ku ciyumviro kimwe kiri ahavuga ngo “Ibindi Bibiliya ivuga”

  4. Muhe ico kinyamakuru

  5. Vugana ingene mwosubira kubonana kugira muyage ku kibazo ca kabiri