Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 21-27

Yobu yararwanije ivyiyumviro bitari vyo

Yobu yararwanije ivyiyumviro bitari vyo

Shetani arakoresha ibinyoma kugira ace intege abasavyi ba Yehova muri iki gihe. Raba itandukaniro riri hagati y’ibinyoma vyiwe n’ingene Yehova atubona vy’ukuri, nk’uko biboneka mu gitabu ca Yobu. Andika ibindi vyanditswe bikwemeza ko Yehova akwitwararika.

IBINYOMA VYA SHETANI

UKUNTU YEHOVA ATUBONA

Imana yitega ibirenze ku basavyi bayo, ku buryo naho bokora iki batoyishimisha. Nta caremwe na kimwe coyihimbara (Yb 4:18; 25:5)

Yehova araha agaciro utwigoro tugira (Yb 36:5)

Umuntu nta co amaze ku Mana (Yb 22:2)

Yehova arashima igikorwa tumurangurira tudahemuka kandi akagihezagira (Yb 33:26; 36:11)

Imana nta co biyibwiye kuba uri umugororotsi (Yb 22:3)

Yehova aritwararika abagororotsi (Yb 36:7)