AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Ndamukiza 2017
Ingene twotanguza ibiyago
Ingene twotanguza ibiyago dukoresheje ikinyamakuru Be maso! n’ingene twokwigisha ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana. Ufatiye ku vyiyumviro vyatanzwe niwitegurire uburyo bwawe.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Reka Yehova abumbabumbe ivyiyumviro vyawe n’inyifato yawe
Wa Mubumvyi Mukuru aratubumbabumba mu vy’impwemu, ariko natwe dusabwa kugira ico dukoze.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Bahe ikaze n’igishika cinshi
Abitavye amakoraniro bose bakwiye kwibonera ko tugaragaza urukundo. Wokora iki ngo mu Ngoro y’Ubwami harangwe igishika n’urukundo?
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Woba ufise ‘umutima wo kumenya’ Yehova?
Muri Yeremiya ikigabane ca 24, Yehova Imana yagereranije abantu n’insukoni. Ni bande bagereranijwe n’insukoni nziza, kandi twobigana gute?
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Urashobora kuremesha uwahororokewe
Abahororokewe baguma ari ab’agaciro imbere ya Yehova Imana. Twobafasha gute kugaruka mw’ishengero?
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Gira umutima rugabo nka Yeremiya
Yeremiya yaravuze ko Yeruzalemu yosanganguwe. Ni igiki camufashije kugumana umutima rugabo?
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Indirimbo z’Ubwami ziraremesha
Kuririmba indirimbo z’Ubwami vyararemesheje abakirisu bari bapfungiwe mw’ibohero ry’Abanazi ry’i Sachsenhausen. Izo ndirimbo zirashobora kuturemesha igihe turi mu bigeragezo.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Yehova yari yaravuze ibijanye n’isezerano rishasha
Isezerano rishasha ritandukaniye he n’isezerano ry’Itegeko? Ivyiza vy’ibihe bidahera rizozana ni ibihe?